featured sportArsenalChelseaComediesfootballhomepageIbiyovyabwengeInkinointamba murugambakirundikirundi_Sports

# Ulimwengu Jules niwe asubiriye Caleb muri rayon Sports

Umukinyi w’intamba mu rugamba Ulimwengu Jules niwe agiye gusubirira Bimenyimana bon fils Caleb muri Rayon Sports, uyo musatirizi w’umurundi yahora akinira Sun rise mu mezi atandatu aheze yaciye yipfuzwa na Rayon Sports.

Ivyo guha amasezerano uwo mukinyi bikaba vyaraye bimenyekanye kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 30 nzero umwaka wa 2019 , aho umunyamabanga wa Rayon sports Itangishaka Bernard yagiye kurondera urwandiko rwemeza ko umugwi Sun rise wamaze kurekura uwo Musatirizi afise imyaka 19 y’amavuko.

Uwo musatirizi akaba yemeye gushira umukono Ku masezerano y’imyaka ibiri yo gukinira Rayon sports mugihe azoba avuye muri Niger aho muri kino gihe ari kumwe n’Umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba w’abatareza imyaka 20 , akaba yaguzwe amafaranga angana n’imiriyoni 8 z’amafaranga yamanya Rwanda amafaranga arenga i miliyoni 25 z ‘amafaranga ya hano iwacu .

Rayon sports ikaba yaguze uwo mukinyi mu ntumbero yo gusubirira uwundi musatirizi w’Intamba mu rugamba yahora abakinira Bimenyimana Bon fils Caleb bivugwa ko amaze kwerekeza mu mugabane wa Buraya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891