BurundiDiasporaEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Umuririmvyi w’umurundi agiye kurushinga n’umukinyi w’amareresi w’umunyarwanda

Paterne umwe mu baririmvyi b’abarundi bakorera ibikorwa vyabo ku mugabane wa Amerika, ngo agiye kurushinga.

Amakuru dukesha bagenzi bacu bakorera Igihe mu gihugu kibanyi c’Urwanda, ngo uwo muririmvyi agiye kurushinga Vuba cane mu kwezi kw’7.

Uwo muririmvyi ngo yahuye n’uwo bagiye kurushinga muri 2018, aho yari I Kigali, noneho amutiza telephone, baba batanguye kuganira.

Paterne akaba ngo agiye kurushinga na Gentille azwi muri imwe mu mareresi akomeye I Kigali ariyo Papa CAVA, nkuko amakuru yahaye ikinyamakuru igihe abishikiriza.

Ubwo bugeni ngo bukaba buzoba mu kwezi kwi 10, igenekerezo rya 2 na Save the Date, ibigize igihe bikunzwe, ikaba yasohotse.

Naho biruko bamwe bakaba babona ko bishobora kuba atarivyo, ahubwo Ari imitwe ngo bikunde abashe kumenyekana, abandi nabo bakabona ko uwo mwigeme yoba yironkeye uwumutwara muri Amerika, noneho ashitseyo ace amuta.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 779