BurundiDiasporahomepagekirundi

Umurundi afungurira abanyecubahiro batari bake muri Africa y’epfo

Abarundi Aho Bari mu mihingo itandukanye y’isi ntibareka guhesha agaciro igihugu cabibarutse mu kwerekana ico Imana yabahezagije.

Muri Africa y’epfo neza neza mu gisagara ca Johannesburg, mu buriro bita Epicure Restaurant uwubazwa ibihabwa ababitura bumva ikiri mu nda gishaka ico mu Nkono yitwa Chef Coco, uwo nawe s’uwundi n’umurundi w’iwacu.

Uwo mugabo avuga ko ako kazina Chef Coco, yagahawe na Inakuru, gaheza karamukurikira gushika ageze n’inyuma y’amasafuriya. Nayo Ibiribwa(Plat) akunda gusumba izindi, ngo b’umuceri n’isombe, ivyo bikaba bimukumbuza mu buto kuko arivyo yamye akunda.

Chef coco yanavuze ko igihugu ca Congo arico gihugu gifise ibintu vyinshi bitandukanye bishobora guha umuntu uburyo bwinshi bwo gukinjika, gutyo n’abantu bakabasha gufungura ibintu bitandukanye.

Chef Coco yabajijwe nimba hari ikiribwa (Plat) kimwe gishobora guserukira Africa, yavuze ko atarivyo na gato, kuko uno mugabane wacu ufise ibiribwa (Plat) bitandukanye cane ku buryo agace kose gafise vyinshi kandi vyiza, bigaca bituma bitokunda ko uronka Plat imwe iserukira Africa.

Ku rubuga rwa Instagram rwiwe uwo mutetsi w’akarorera akaba yabonetse ko amaze gufungurira abatari bake mu bihangange kw’isi barimwo Steve Harvey asanzwe ari umwe mu birabure bubashwe muri Amerika, ariko kandi akaba n’umugwizatunga akomeye cane w’umwirabure muri ico gihugu gisahuramwo abirabure batari bake.

Coco reinarhz akaba yize ivy’ugukinjika mu gihugu c’Ubugirigi, ari naho yaronkeye agashimwe gakomeye muri ico gihugu bita “Trois Fourchettes Du guide Michelin. Muri ico gihugu nyene yarahakoreye kuko yaratwaye igikoni c’uburiro “Chateau Sombreffe”, imbere akorera i Kinshasa, no muri Cote d’Ivoire.

Ubwo buriro akoreramwo muri ico gihugu ca Afrika y’epfo, niwe abunyiganyiza nkuko yabiyagiye ikinyamakuru “Je decide d’entreprendre”, Mu mwaka wa 2018 akaba yakoresha abarenga 50 bahembwa buri kwezi, hamwe n’abaza gukora ibiraka bashika 10 baboneka mu mpera z’indwi.

Abarundi bikundira inda y’indege, bahawe na rwuba rwabigata, mukabona mushitse kwa Mandela, ntimuzogende mudazakomye Ishwashwa @_chefcoco_ ngo abasigaturire kuri twa turibwa kavukire kuko avuga ko anakunda guteka ibirungo bitotahaye, kandi vyaho Ari.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768