Entertainmenthomepagekirundimusic

Umurundi wambere yaraye akwije abantu barenga 1.000.000 kuri Youtube

Umuririmvyikazi  Iry Tina  kurubuga  rwiwe rwa Youtube yaraye akwije abantu bamaze kuraba indirimbo yiwe barenga 1.000.000 mukiringo kitangana n’ukwezi kumwe. Akaba abaye umurundi wambere ageze kuri ugwo rwego ku curo yambere muba Star bose ba hano iwacu.

Indirimbo y’umuririmvyikazi Iry Tina “Hold Me” n’imwe mu ndirimbo igihe yasohoka kw’igenekerezo rya 25 Rusama yateye uruhagarara mubakuzi b’umuziki bivuye kukuntu yarabwa cane mumwanya muto ikaba yaraye ikwije abantu 1.000.000 bamaze kuyiraba ku muhora wiwe wa Youtube mu kiringo kitanangana n’ukwezi kumwe. Ivyo twokwita ko ari imboneka rimwe ngaha mu gihugu cacu kuko atavyari bimenyerewe kubaririmvyi nkabose bamenyekana kurusha abandi abo bakuze kwita aba star.

Iry Tina akaba asazwe afise inzu y’ubuhinyanyuzi muri Uganda,eka akaba yanatanguye kumenyekana cane mukazi kiwe yakora k’ abanyamideri akaba yaranagiye mumahirwana atandukanye yaba Miss.

Mwomenyako ko uwo muririmvyikazi aherutse kumenyesha ibihimba biri kumubiri wiwe yakunda kuruta ibindi mu kwezi kwa Nywandagaro(08)2019,aho yavuze ngo igihimba akunda ku mubiri wiwe  ari amabere, hamwe n’amaguru, kuko abiravye abona bisumba ibindi vyose ubwiza. Mwomenya kandi ko uwomuririmvyikazi kino gihe asazwe ariko akorera akazi kiwe mu gihugu kibanyi c’u Buganda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769