BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Umutambukanyi wa Kidum ngo yabonye Nish ugutandukanye n’uko bamuvuga

Esther Nish avuga ko iyo aza kuba ari uwukunda kwumviriza abantu, ngo ntaco yari gupfa yimariye igihe yerekeza i Nairobi mu bikorwa vyo gukora indirimbo.

Mu kiyago aheruka guha Landry, Esther avuga ko ivyo yari yateguye ku ndirimbo yakoranye na Kidum ngo vyagenze uko yabishaka. Aho ni mu gihe abatari bake batabibona kumwe, kuko babona ko indirimbo yasohotse yari gutuma ayishira ku rubuga rwa Youtube rwiwe.

Nish yabandanije avuga kandi ko ashima Imana ko yamufashije umutambukanyi wa Kidum akamubona ugutandukanye n’uko abantu bariko bamuvuga. We ngo igihe abantu bavuga aya muhe, yaciye ashira udupampa mu matwi noneho abandanya akazi kiwe, ngo iyo aza kubumviriza ngo ntaco yari gupfa yimariye.

Uwo muririmvyikazi yanavuze ko atazi ibiri imbere, ariko ngo uko bizogenda kwose ntazopfa yibagiye igikorwa Kidum yamukoreye. Muri ivyo harimwo kumwigisha, kuko ngo vy’ukuri ubwigisha yivugira we nyene arabufise.

Esther muri ico kiganiro na Landry, yavuze ko ubu ahagaritswe nuko yibungenze, nayo ahandi ngo ibikorwa vyo birahari, umwana abonetse nta kabuza ikindi gikorwa kizoca gisohoka. Ariko akaba atabashije kuvuga indirimbo iyariyo n’ubutumwa buzoba burimwo.

Mwomenya ko iyo ndirimbo Esther Nish yakoranye na Kidum iriko ikora ibikora inka ku rubuga rwa Youtube, kuko iriko irababa incuro 1,000,000 imaze kurabwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775