BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasaniUnicef Burundi

Umuzo wa Bain Turo ushobora kuza utandukanye cane

Inyuma yaho yakora wenyene vyasa nk’aho bigorana ariko bigateba bigashika, ni Bain Turo (Bain Ten) mu nyuma yashizwe k’urutonde rw’abaririmvyi bagiye guhagararirwa na Empire Avenue isanzwe ihagarariwe na Manager Kent-P igatwarwa n’umuririmvyi Sat-b.

Ni Bain Turo canke Bain Ten aho vyemejwe ko agiye guhagarikirwa niyo Label ya Empire Avenue atigeze asubira kwumvikana mubikorwa bitandukanye we ubwiwe ariko yabonetse muri Collabo yahuje abaririmvyi bose bagize iyo Label, bamwe n’abandi bakagira bati :

“Bain Turo agikora wenyene yarahagaze neza ku rugero rwiwe ntivyari bibi, Empire Avenue yoba yaje gusa kumusubiza inyuma kuko aho agiriyemwo ntiyasubiye gukora indirimbo n’imwe”.

Inyuma y’amajambo haza ibikorwa, tumaze kwumva ivyo twaregereye Management yiwe turabaza ikibazo Uwo muririmvyi yoba yarahuye naco kuva aho ashikiye mu minwe yabo

Manager Kent-p aho yishura yagize ati:

“Umuririmvyi Bain Turo ntakibazo na kimwe yigeze ahura naco ahubwo aho amaso y’abantu ageza kuraba nico kibazo coba carahabaye.Ubwa mbere twebwe muri Label turabanza tukubaka umuririmvyi akaba we, agakomera kumpande zose umuririmvyi akenera kuba yogiramwo inguvu hama munyuma y’ivyo niko gutangura gukuza izina ryiwe (Brand) hama akabasha gusohoka ari umuririmvyi abikwiye”.

Aho twobibutsa kandi ko inyuma yaho havugiwe ayo majambo yose , bimaze gutangazwa ko umuririmvyi Bain Turo agiye gushira indirimbo yiwe yambere akoreye muri Label ya Empire Avenue akaba ari indirimbo bavuga ko igiye kwerekana ihinduka kuri uwo muririmvyi no kuzana ishusho nshasha muri Empire Avenue bakemeza y’uko ari Bain Turo agiye gukora ico bita Back to Back n’ukuvuga n’ugusohora indirimbo n’imiburiburi buri kwezi hakaba hasohotse indirimbo y’uwo musore.

Indirimbo yise FINYA niyo ndirimbo agiye gushira ku mugaragaro ku musi wa gatanu itariki 29 z’uku kwezi nyene turimwo kwa Munyonyo umwaka wa 2019 aho izosohoka haheze indwi imwe gusa umuririmvyi Sat-b ashize hanze indirimbo yiwe izoza yitwa UMUBABARO

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775