BurundiÉnergieEntertainmentgroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundikirundi_Sportsmusic

Umwana Karim Babel yasize ngo ntaco umuryango umufasha

Karim Babel umuririmvyi w’Umurundi aheruka kwitaba Imana, yasize umwana w’umukobwa afise 5, uwo mwana akaba asanzwe abana na nyina. Nkuko vyashikirijwe n’uwo muvyeyi ngo uwo mwana yabonye se gake muri iyi misi yararwaye, icibagiwe co ngo niwe, kuko we yasa n’uwabaye igicibwa muri uwo muryango yaronsemwo ikibondo.

Mu kiganiro aheruka gutanga, umuvyeyi mugenzi w’umuhisi  Karim yavuze ko babanye igihe kitari gito naho umuvyeyi wa Karim Babel atabikunze, noneho biraheza bivamwo ugutandukana kw’abo uko ari babiri.

Amina yabwiye imboneshakure Buja Hit Tv ko Samia(Umwana wa Karim Babel) atariwe mwana wenyene baronse, kuko umwana wabo wa mbere atagize amahigwe yo kubaho, Imana yamubatwaye hakiri kare. Ariko aronka amahigwe yo kwubakana na Karim, nkuko idini rya ki Islam ribisaba (Indowa), imbere yuko Samia.

Inyuma y’ukuvana kw’umuhisi karim Babel n’uwo bavyaranye, ngo uwo mukobwa ntiyaragifise ikibanza muri uwo muryango, kuko acinjira n’ibitaro ngo ntibigeze bamurekurira kuraba se w’umwana wiwe. Amaze kwitaba umuremyi naho, ngo imbere yo kuja mu kigandaro ngo yabanje gusaba uruhusha mushiki wa Karim Babel.

Mama Samia arashimira abashigikiye umuvyeyi mugenziwe muri bino bihe bitoroshe yaramazemwo igihe, ariko agasaba ko n’umwana yasize nawe yokwibukwa kugira ashigikirwe mu bijanye n’ubuzima bwa misi yose birimwo kwiga n’ukubaho, kuko uwo muryango avamwo wo ataco umufasha na gito.

Mwokwibuka ko Karim Babel yitavye Imana yaramaze igihe kitari gito ku musego, abatari bake baragerageje kugira ico baterereye ngo uwo muririmvyi avuzwe, ariko arinda asandaba atagikozwe. Umuvyeyi wa Karim mu kiyago ca nyuma aheruka gukorana n’abamenyeshamakuru yamenyesheje ko ubufasha bari bamaze kuronka bwagera ku miliyoni 75 z’amafaranga ya hano iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 889