BurundiDiasporadiaspora musicEntertainmenthomepagekirundimusic

Urukurikirane NISAIDIE rwa ANDY MWAG ruvuga ivy’ubuzima yabayemwo

Urukurikirane Nisaidie rw’umuririmvyi Andy Mwag ngo rufise ikintu kini rusiguye ku buzima bwiwe, nkuko yabiyaze mu majambo yaherekeje ishusho rw’urwo rukurikirane yashize ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha.

Muri ubwo butumwa avuga ko ijambo Nisaidie rimwibutsa ibihe yabayemwo yarabuze abavyeyi, abaho asaba kugira abashe gutunga batonya biwe inyuma yaho umwe mu bavyeyi ahitanywe n’urwimo rwo mu 1993, uwundi nawe ahitanwa n’ingwara imyaka mikeya inyuma y’aho uwa mbere ashengeye.

Ku rupapuro ndangarukurikirane -Cover-, aboneka afise itara, iryo naryo ngo risobanura umuco yarakeneye mu buzima bwiwe inyuma y’ukubura abavyeyi, abaryango nabo ngo bagashaka kubatandukanya, ariko agerageza kubirwanya naho bitakunze kuko ata bushobozi yarafise bwo kwitunga n’ugutunga batonya biwe.

Iyindi ndirimbo irangwa muri urwo rukurikirane ni I WILL GET THERE yakoze kubera ibihe yabayemwo mu buzima bwiwe, aho yisanze ari umuntu mukuru kugira abashe gufasha batonyi biwe kuko ata yindi nzira yabona ishoboka kugira abashe kugwanya ko batandukana.

S’izo gusa kuko Indirimbo “Rafiki” yayanditse yongera aranayiririmba kubera abagenzi yaronse mu buzima aribo bamugize ico ari uno musi, nkuko abandanya avyandika muri ubwo butumwa bwaherekeje urwo rukurikirane.

Uwo muririmvyi akaba kandi n’umucuraranzi, ntiyagarikiye ngaho kuko gushika ubu amaze gukora ibitari bike birimwo kuzunguruka mu biteramo bikomakomeye muri Afrika aho yaraherekeje Yvan Buravan yari yatsindiye Prix Decouverte RFI mu mwaka wa 2018. Ico gihe akaba ariwe yariko aramuvugiriza igitari, akavuga ko muri ivyo biteramo yaharonkeye ivyigwa bitari bike.

Mukibukako ko urwo rukurikirane rugizwe n’indirimbo 5 zirimwo Nisaidie, Rafiki Badilika, Amarira, Get There hamwe na Your Love is My Love. Urwo rukurikirane rukaba rushobora kuboneka ku rubuga rwiwe yashinze www.andymwagmusic.com/release/nisaidie/ , abari I Kigali bo bakaba bashobora kurugura bakoresheje uburyo bwa Mobile Money aho rugurwa amafaranga 8000 frw “yababa 24,000 BIF”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 779