africa newsEntertainmenthomepagekirundimusicTanzania

Wolper yavuze mu migani ko adashobora kwiruka inyuma ya Harmonize

Ukwiruka inyuma y’uwo mwagendanye ngo nuko aguhevye afatanye n’uwundi ngo n’uguta umwanya gusa. Nayo abomushira munzu ngo baruzuye nuko atarabishaka gusa.

Wolper ngo nta mwanya agira wo kwiruka inyuma y’umuhungu ngo nuko yamuciye inyuma akagendana n’uwundi mukobwa. Igituma ngo nuko aba adashaka ibitera ibibazo mu mutwe.

Uwo mukinyi w’amareresi kandi akaba n’umudandaza akomeye, avuga ko ikimutwara umutwe gusa ari ikimuha umukate, ngo nayo ibindi nta mwanya bimutwara.

Mu Kiganiro The Bartender gica kuri Wasafi TV, uwo mukinyi yavuze ko ukwiruka inyuma y’uwo muntu ari ugutakaza umwanya, naho uba warafashe akanya ko kumushigikira ukamugira umuntu kandi kenshi aba yari umuntu ataco ari.

Aho mukibuka ko yigeze kuba agendana na Harmonize, ariko bikaza kurangira batandukanye. Bakaba bamenyanye Harmonize ataramenyekana, ariko amaze kuba umuntu azwi cane bakaba baciye batandukana.

Abajijwe ivy’ubukwe, yishuye ko ata mugambi abifisemwo kuko ngo atararonka uwo boshoborana, ngo abahari bose bahura n’abo kumarana umwanya gusa, ariko apana abo kubana, kuko iyo ngo ari iyindi ntambwe.

Yanavuze ko kandi ariwe atarashaka kurongorwa nayo ahandi ngo abomushira mu nzu baruzuye, ngo kwoba ugukoma akaruru gusa boza bariruka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769