Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Yahamagariye abaraperi bose bumva ko bashoboye baze kuri Battle ya Freestyle

Ntivyoroshe mu mudiho wa RAP aho Sage Wise asanzwe akorera akazi kiwe k’umuziki mu gihugu c’Ububirigi yikubise mugikiriza avuga ko yipfuza uwo wese yiyumva ko ari umuraperi yiyemera kuri Freestyle aze bahangane havemwo uwubaha uwundi haveho ibintu vyo kwiyita uwa mbere canke uwa kangahe.

Akoresheje amajambo akomeye kandi atavyorosha yanditse agira ati:
“Je lance le défit….Umu Rapperi yiyemera Buja, muruzuye ndabizi, azoze duhurire muri UMUKUBITO kwa Juste Gaël kuri FREESTYLE
N.B : Freestyle dutora sujet tutazi tukayirapirako, apana bamwe baca baborokorora izo banditse…; Ndatanga 200€ k’uwuzontsinda”

Ayo ni amwe mu majambo avuzwe na Sage Wise mugihe aheruka gushira ahabona indirimbo arikumwe n’umuririmvyikazi Laurette TETERO asanzwe ariwe yatsindiye ihiganwa PRIMUSIC 2019 aho ar’indirimbo bise NYEMERERA REMIX ari imwe mu ndirimbo igiye gusubirirwa n’indirimbo yise K.I.M.A.N.A zompi ziri m’urukurikirane(Ep) yise M.A.R.I.Y.A.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769