Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Yoya yavuze ku bikorwa vyiwe muri uno mwaka wa 2020

Abakunzi b’umuririmvyi Yoya Jamal ngo ni babandanye bihangane, ariko ikiza ca COVID 19 ngo nicava mu nzira ibikorwa bizoca bibandanya nkuko yari yabiteguye.

Mu migambi yarafise uwo muririmvyi abarizwa mu gihugu c’Ubwongereza ngo harimwo gusubira kandi kwerekana ibikorwa vyiwe -Comeback- muri uno mwaka wa 2020, ariko Coronavirus ica ituma ibintu bica bipfa.

Urugendo yaheruka gukora mu Rwanda Jamal avuga ko rwari muri uwo mugambi kuko yahakoreye indirimbo, yiteze ko azoca akora amasanamu ku mugabane wa buraya, ariko ntivyaba bigikunda. Jamal yagize ati :

”Akajambo nobashikiriza nuko ibi bintu vya Corona nivyavamwo tuzoca tubandanya ama Project yanje aho nari ndayagejeje, kuko nari naje mu Rwanda mu mwaka uheze ndakora indirimbo nziga ko nzozikorera ama Video ino muga urabona ko ata burenganzira bwo ku Voyaga mfise. Ama Programme nari mfise n’abantu yaciye ahagarara, abategerezwa kuzishootinga n’ibiki vyose. Urumva biragoye ndindiriye ko batwugururira amayira hama ubuzima bukabandanya nk’abandi bantu hose.”

Muri ico kiganiro yakoranye na BETV yanavuze ko bishobotse azokorana indirimbo na Natacha kuko we ngo kuririmbana n’abantu ngo nta kibazo bimutera.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769