Entertainmenthomepagekirundi

Yvan Muziki yoba agiye kuba Manager wa Marina?

Mu gihe vyari bimaze imisi bivugwa ko Yvan Muziki na Marina batagicana uwaka, ubu naho babonetse mu bikorwa vya Tours du Rwanda barikumwe.

Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru igihe abishikiriza, uwo muririmvyi ngo niwe yaherekeje Marina mu kazi yahawe muri ico gikorwa ca Tours du Rwanda, kuko abo muri The Mane, Management Marina yabarizwamwo batahabonetse.

Uwo muririmvyikazi Marina ngo yoba ariwe yirondereye ako kazi, nkuko ayo makuru abandanya abishikiriza, kuko we n’iyo Management yiwe batakibona kumwe ivy’ugukorana.

Ubu rero tukibaza nimba Yvan Muziki yoba ariwe agiye kuba Manager w’uwo muririmvyikazi, canke ari ukumushigikira gusa.

Nkuko bimaze kuboneka, Umuririmvyikazi ari mu rukundo na Manager wiwe, ibintu uko bikorwa bitoroha cane gusumba iyo arikumwe n”uwundi muntu ku ruhande.

Ari nka hamwe bibaye arivyo ko agomba kumukurikira ibikorwa vyiwe, akaba azoba abaye umuririmvyi wa mbere amenyekanye ko Yvan Muziki arabiye inyungu ziwe.

Yvan Muziki Kandi azoba agiye mu gitigiri c’abaririmvyi bo muri Africa y’ubuseruko baharurwa ku ntoke bakoze ako kazi Kandi n’abo ari abaririmvyi.

Ku batavyibuka Yvan Muziki ngo yoba atarabwa ryiza na Management ya The Mane kuko uwo muririmvyi yoba yatwara umwanya Marina wo gukora akazi, kubera urukundo barimwo.

Mu gihe Yvan Muziki aheruka gusohora amasanamu y’indirimbo I’m in love, uwo muririmvyikazi bavugwa mu rukundo we aheruka gusohora akaririmbo haraheze hafi umwaka wose, ako Nako kakaba kiswe Shawe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 753