africa newsEntertainmenthomepagekirundimusic

Zari ngo umugabo avuga ko barushinze n’uwo yivye

Umugabo bivurwa ko barushinze na Zari ngo yoba ari umwe muri bamwe baryamana n’abandi bagabo, kandi akaba ari Umugabo w’abandi, nkuko bishikirizwa na bimwe mu binyanamakuru.

Muri Video za Zari zo mu mpera z’umwaka wa 2019, hari umusore yubatse umubiri(sportif) yerekanywe nkaho yoba ariwe King Bae, umugabo bivurwa ko yarushinze na Zari, naho ibinyamakuru bitari bike bitabona neza iyo nkuru.

Ibinyamakuru vyo muri Tanzania dukesha zino nkuru bivuga ko Zari yoba yarafotoye abahungu n’abagabo batari bake bubatse umubiri babonanye ngo bikunde abashe kubesha abantu ko ari umuntu umwe, kandi atarivyo.

Ico bafatirako nuko uwo musore bivurwa ko ariwe bashinze urugo, ari umwe mu bakunzwe cane muri South Africa, ngo nta kuntu vyari kugenda ngo ntibimenyekane ko yashinze urugo. Igituma ngo nuko yari umuhungu bigeze kumwagiriza, ngo vyavuzwe gose bikomeye.

Zari akaba ariko aterwa amabuye n’abatari bake muri ico gihugu aho babaza nimba ageze Ku rwego rwo kwiba umugabo w’abandi, naho nyene bakavuga ko uwo mugabo yoba agendana n’umugabo mugenziwe, ibirekuwe muri Afrika y’epfo.

Mukibuka ko imyaka ibaye 2 avanye na Diamond Platnumz amwagiriza kutamwubahiriza, kuko ngo yakura ikirenge agasigara mu nkumi, kandi mu nzu babakanye. Ivyo Diamond adahakana kuko yemeza ko yambaye umubiri, ariko akavuga ko na Zari yamuciye inyuma akatari gake Nawe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769