homepagekirundi

Umurundi n’umunyarwanda bafashwe bakora amafaranga ya magendo

 

Abasore 2 baba muri Malawi bafatanywe amafaranga ya magendu, ariko Kandi bafatanwa imashini n’ibindi bikoreshe bakoresha mw’ikorwa ry’ayo mafaranga.

Abo basore babiri bafashwe nkuko amakuru dukesha ibinyamakuru vyo muri ico gihugu abishikiriza, ngo n’umurundi n’umunyarwanda. Umurundi akaba yitwa Amosi Sean w’imyaka 30, hamwe n’umunyarwanda Manuel Saidi w’imyaka 19 y’amavuko.

Abo basore bafashwe inyuma y’amatohoza yakozwe kuko habonetse inoti zitari nke za magendo, zaba iz’amafaranga yo muri Malawi, ariko Kandi n’inoti z’ama Dollars.

Hampande y’aberetswe ko izo moti ari inyiganano, hari n’uwabizize ashirwa mu gasho. Uwo nawe akaba yafatanye ayangana n’900,000 fbu, mw’isoko rya ahitwa Mangochi.

Nkuko Nyasa Tv yabishikirije, abo basore babiri bakaba bagiye kuzoshirwa imbere y’ubutungane mu misi ya Vuba aruko amatohoza ariko arakorwa abanje guhera.

Ukwo gufatanya kw’abo basore babiri kukaba kwavugishije abatari bake, aho baciye babifatanya ba rwa rugendo umukuru w’igihugu c’Urwanda aheruka gukorera hano I Bujumbura.

Ababashije kugira ico babishikirizako bamwe bakaba bavuze ko biboneka ko abarundi n’abanyarwanda aho bari ngo bafatanye Munda, bagakorera hamwe.

Ibi biruko mu gihe imigenderanire y’ibi bihugu uko ari biri isa n’iyiriko irafata inzira nziza, kuko n’imodoka zitwara ingenzi zifatanya Kigali na Bujumbura zasubiye gukora, hakaba hagenda izitari nke ku musi nkuko amakuru ava ku bituro vy’ama Bus abishikiriza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 739