homepagekirundikirundi_SportsUncategorized

Mow Kanzie yoba yabwira Drama T?

Mow Kanzie asubiriye Kandi kuvugwa n’abatari bake mu bamukurikirana ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha, Inyuma yo gushirako amashusho atandukanye.

 

Uwo muririmvyikazi yaragize imisi avugwa mu rukundo na Drama T, yashize ku mbuga ziwe za Instagram na Facebook amashusho yifotoreje i Kigali.

Ayo mashusho yaherekeje n’amajambo aho yavuze ngo niyavuga ko adashaka ko ngaruka, azoba ariko arabesha.

Ayo majambo akaba ataco yavuze ku batari bake, ariko haboneka uwo mwambaro wakunzwe n’abatari bake.

Habonetse uwamusavye ko ku musi w’Imana yomuhitana ngo baje gusenga yambaye ako gakanzu kagufi nyene.

Uwundi we yavuze ko ubwo butumwa bwatanzwe na Mow Kanzie ngo bwarabishijwe Kwa Drama T, ngo nta wundi yabwiwe. Uwundi nawe abwira Mow Kanzie ko yokwibuka ko ari uwiwe.

Abandi bo bakaba bamubajije nimba iyo kanzu itamuniga mw’izosi, kuko uko imeze, bashobora kuba bibajije ko itamworohereza mu guhema.

Abandi batari bake bakaba babwiye uwo mwigeme amajambo yo kumushigikira, abandi bamubwira ko ari mwiza cane.

Kuri Instagram naho habonetse abanyarwanda batari bake bamuhamagariye gusubira Kandi kugaruka, kuko nkuko nari nabivuze yayifitoreje I Kigali.

Ayo ma FOTO akaba ashobora kuba Atari aya ubu Vuba kuko uwo mwigeme azwiko kudapfa kurekura amafoto iyo akiri muri urwo rugendo rubonekamwo ayo ma FOTO.

Ayo ma FOTO avugishije abantu, akaba aje mu gihe hari inkuru zitandukanye ngaho Hanze, aho havugwa urukundo hagati yiwe na Drama T, Kandi bose akaba ata numwe avyemeza, ariko Kandi ntibabihakane.

Gushika ubu hakaba hampande y’iyo nkuru y’urukundo rubavugwako, harindiriwe Indirimbo ya Drama t yabonestemwo uwo muririmvyikazi, aho yabonetsemwo akina.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 890