africa newsEast Africa NewsEntertainmenthomepagekirundikirundi_Sportsmusic

Diamond na Eto’o fils ngo bagiye kwugurura ishure ry’umupira w’amaguru

Inyuma yo kuririmba mu birori vya CAF vyabereye muri Egypte, Diamond ngo ashobora no kuririmba mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru rya World Cup ryo muri 2022 muri Qatar.

Hagati ya Eto’o fils na Nasibu Abdoul benshi bazi nka Diamond Platnumz ngo ibiyago bisa n’ibiriko birarangira kugira muri Tanzania hashingwe ishure ry’umupira w’amaguru.

Ayo makuru dukesha Daily news akaba abandanya avuga ko uwo muririmvyi kandi akaba n’umurwizatunga akomeye muri ico gihugu avuga ko muri ico gihugu hari abakinyi bafise ingabire zo gukina umupira ko bageze ko bazivyaza umusaruro.

Nk’uko bibandanya vyandikwa, uwo mukinyi kandi yanamenyesheko ubu yamaze kubona ko no mu mupira harimwo ifaranga, ngo ivyo bikaba arivyo vyamutumye ashima gushiramwo agafaranga.

Mu misi iza akaba avuga ko azogira umurwi w’umupira w’amaguru uri mu cicaro ca mbere muri uno mugabane, bikanavurwa ko uzitwa Wasafi Club.

Ivyo akaba yabiyagiye muri Wasafi FM aho yari aganutse avuye muri Egypte aho yaravuye kuririmba mu birori vyo gutanga ubishimwe vya CAF. Akaba yanavuze ko muri 2022 ashobora no kuririmba mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru World Cup.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 885