BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Agiye gusubira guseruka nk’umurundikazi imbere ya Innos’B


Inyuma yo guhaguruka nk’umwe mu baririmvyi b’abigeme muri Diaspora arabandanya kwerekana ko abarundi bashobora kuba ba bitumwako

Bella Hot Hot ni umwe mu baririmvikazi b’abarundi babandanya gukora ibitangaza mu kwitaba ibiteramo bimuhuza n’abaririmvyi bakomeye haba hano mukarere ka Afurika y’ubuseruko ndetse n’Afurika yose

Inyuma ya *Otil Brown* na *Timaya* ubuho agiye gusubira guhura n’umwe mubaririmvyi bakomeye cane hano kumugabane wa Afurika, uwo nawe s’uwundi n’Umuririmvyi ava mugihugu ca Congo ariwe Innos’B. Ni Bella NAHIMANA abenshi bazi nka Bella Hot Hot ubona ko abandanya yandika amateka mugukora ibiteramo canecane mubihugu nka Sweden na Danemark ubona kandi ko aba ari ibiteramo biba vyakira abaririmvyi bakomeye kandi baba bariko barakora mukarere ka Afurika aho womenya ko aho hose aba yitwaje ibendera ry’Igihugu c’Uburundi

Abicishije kumbuga ziwe uwo mwigeme asanzwe Akorera akazi kiwe akanaba ariho asanzwe Mugihugu ca Sweden yanditse agira ati:

“Igihe kirahinduka, umwanya uguma wiruka, ibikorwa bikaba arivyo vyivugira. Ndafise icizere ko bukebuke bazoteba bakatumenya naho impinga ikiri ndende’’.

Twosozera tubibutsa ko Umurundikazi Bella Hot Hot afise igiteramo kuri uyu wa gatanu itariki 06 z’uku kwezi kwa Ruhuhuma uyu mwaka wa 2020 aho azoba aramutse yakira umuririmvyi amaze igihe abica bigacika ariwe Innos’B aho ari igiteramo kizobera Mugihugu ca Sweden ahitwa Göteborg.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775