africa newshomepagekirundikirundi_Sports

Umukinyi wa Nigeria yubakanye n’umurundikazi yamenyekanye

Mu kiganiro uwahoze ari kizigenza w’intamba mu rugamba mu myaka 20 iheze Juma Mossi yakoranye na Indundi TV yavuze y’uko afise umwana wiwe w’umwigeme yubakanye n’umukinyi akinira umugwi nserukira gihugu wa Nigeria w’abakuze ariko ntiyigeze atubwira izina ry’uyo mukinyi.

Mu matohoza Indundi Sports yakoze yasanzwe uyo mukinyi yitwa Esiti Anderson asanzwe akina mu mugwi wa Paok Salonika wo mu cicaro cambere muri Bugiriki, akaba yukabakanye na Anna Juma asanzwe ari umwana wa Juma Mossi bakaba bamaze kuvyarana umwana umwe.

Esiti Anderson akaba afise imyaka 25 y’amavuko yakiniye imigwi ya Leixoes Sc na GD Estori Praia yo mu gihugu ca Portugal hamwe na KAA la Gantoise yo mu Bubirigi muri kino gihe akina muri Paok Salonika wo mu Bugiriki.

Akaba yarigeze kuronderwa n’umugwi wa Paris Saint Germain wo mu gihugu c’Ubufaransa ariko ntivyigeze bikunda kuko umugwi wa la Gantoise wasavye amahera menshi uyo mugwi uca uranka kuyatanga.

Amaze guhamagarwa incuro zitari nke mu mugwi nserukira gihugu wa Nigeria ndetse no mu rukino rwa kivandimwe Nigeria yakinye na Brezil mu mezi aheze uyo mukinyi yari ku rutonde rw’abakinyi batanye mu mitwe n’uyo mugwi naho atigeze yinjira mu kibuga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871