Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasanipromoted

Vg Wawa ati : ‘’Iyacitse intahe yahora ifatwa nk’inkoni”, izina umuziki w’Uburundi wahorana ngiye kurihindura

Umwanditsi akaba n’umuririmvyi Vg Wawa ngo vuba agiye kuzana impinduka mu muziki w’Uburundi.

Ayo majambo aherutse kuyashikiriza aho twari tumusanze aho yariko arakorera igikorwa gishasha agiye gusohora mu misi ya vuba Clip video avuga ko izoba iri ku rwego rwo hejuru, akaba yagize ati :

“Abakunda ibikorwa vyanje utujambo baguma bambwira ngo uyu mwaka wa 2020 niwo mwaka wanje w’umugisha mu muziki’’.

Vg Wawa amenyesha ko agiye kuboneka nk’inzoka yiyubuye
kuko ngo agiye kuba mushasha.

Ati : ‘’Ngiye gukura umuziki w’Uburundi kwitwa “Buja flaver” witwe “Indundi music 🎶”.

Uwo muririmvyi azwi cane mu ndirimbo iriko irabica bigacika yataziriye “Ishule” amenyesha ko “iyacitse intahe yahora ifatwa nk’inkoni’’, ngo vuba bigiye kuva mu majambo bije mu ngiro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769