Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Icuka siciza nagato kubibera hano muri uyu muziki

Ugufatwa nabi kw’ibiteramo bibera hano vyateguwe n’abaririmvyi b’abarundi ngo nivyo biri kubandanya biboneka

Haraciye imyaka myinshi haguma hibonekeza ibomborabombora mubiteramo bibera ku butaka bw’Uburundi aho bamwe bakeka konukudaha agaciro ibikorerwa hano arivyo biri gutuma bamwe bacika intege bamwe bakanahitamwo kubivamwo

Dukoranye ikiganiro n’umwe mubasanzwe bakurikirana ibikorwa vy’umuziki wa hano iwacu abenshi bazi nka Idris Simbizi, yagize ati :

«Akenshi ibiteramo nka vyose bibera kubutaka bw’Uburundi ndavyitaba hafi vyose ariko hamaho itandukaniro kugiteramo c’umunyamahanga n’igiteramo categuwe n’umuririmvyi w’umurundi. Ati gute ? Iyo hari umunyamahanga yahamagawe mugihugu c’Uburundi haboneka ico twita Sponsor y’amashirahamwe nyinshi ugasanga ama Banks, Hôtel, imihora n’ibindi bikora ivyo kunywa ariko Umurundi yategura igiteramo aho adodora hose bakamurabisha ijisho rimwe bigatuma igiteramo aba yateguye kibura amafaranga akwiye kikabura n’abakimenyekanisha bihagije

Aho Idris yabandanije agira ati :
Aho  mashirahamwe aja ngaho yegerwa n’abagwizatunga bikoroha gutanga izo sponsors ariko bo bakaba bagiye muburyo bw’urudandazwa kuko uko baja kuri izo stage niko natwe abamenyeshamakuru tuzishira muma vidéos tuba twafashe maze nabi bakabandanya kuboneka tukaba turiko turabamenyekanisha, birababaje cane ukuntu ivyapa vya Sponsor biba vyakubiswe bikunzura ariko Umuririmvyi w’umurundi ateguye igiteramo hakabura abashigikira

Aho tworangiza tubamenyesha ko yasavye Amasamirizi n’imboneshakure gufatana munda bakareka kuza baraja kumenyekanisha ivyo biteramo vy’abanyamahanga mugihe batihaye ukuza barashigikira ibiba vyateguwe n’abaririmvyi ba hano iwacu. Akagirako asaba ko hoba ugushigikira Igiteramo kigiye kubera mû ntara zitandukanye kiriko gitegurwa na Bantu Bwoy.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769