Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Indyane hagati y’abaririmvyi n’aba DJs i Bujumbura

Intambara idasanzwe muba Djs ndetse n’abaririmvyi inyuma yo kuba atamuririmvyi yashoboye kuboneka mw’ifubwa ry’umutambukanyi wa Dj Yverson.

Amwe mu masanamu yashoboye gufatwa inyuma yo kuva gufubana iteka uwo mukunzi yabuze atanswe yavuzwe amajambo aho ubona atashoboye kwihanganirwa na bose aba canke bariya

Umugwi wabo ba DJs bati:
“Bene wacu bakuru canke bato, muze mwese tuje hamwe duhagarike kuvuza indirimbo z’abaririmvyi b’abarundi kuko birababaje kubona mu muryango wa Entertainment hariho uwubura hakabura umuririmvyi ahaseruka, Nukuvuga uwuzobaza impamvu tutamuvuza natwe tuzogira tuti: Sindakuzi, nzovuza Diamond

Ariko ayo n’amwe mu majambo abaririmvyi ubwabo batashoboye kwihanganira kuko haciye hatangura kuboneka amwe mu majambo asa n’ayadahumuriza aho kwari ugutanako umwikomo basa nk’aho habayeho ukwishurana.
Aho benshi mu bamenyeshamakuru ndetse n’abaririmvyi bagize bati:

“Mbega ko aba DJs basimbiye mukirere mugufata ingingo bo aho umuririmvyi Bernard yitaba umuremyi ni bangahe bamuherekeje? Canke ko bavuga ngo bazovuza Diamond we niwe azobaserukako mugihe bazoba bari mungorane? Canke bobo aho bakora uwo muziki bavuga ko batazosubira kuvuza bahora bawuvuza bingana gute?”

Ariko ikibazo kihari ni muvyukuri izi ndyane zavuye kurico kibazo canke hari akandi kantu kari kihishije canke ni itangazo ryo kubika ryoba ryari ryarashikiriye abo baririmvyi?
Ariko kandi icabandanijwe cibazwa yari :

“Mbe ko muribo hari abakorera abaririmvyi bazohava bareka kuvuza abo bakorera?”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769