Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Mista Champagne ngo niwe muririmvyi wambere aguriwe imodoka n’abafana abandi ngo nibipime.

Ngo ico yashatse ko kiba imperuka kirabaye nimba hari uwundi muririmvyi yipfuza kwipima n’agerageze asabe imoto arabe ko ayihabwa.

Umuririmvyi Mista Champagne aheruka gusaba ko Abakunzi biwe bomucangira, kugira arabe ko nawe yotemberera mumuduga, ubu umuduga ubarizwa mubiganza vyiwe kandi akanakenguruka bimwe vy’imva mutima kuko ngo umukunzi w’akazi kiwe wese aho ari yishime kandi avyishimire yumve ko ari umu boss.

Abicishije mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru yagize ati:

“Jewe nije muririmvyi wenyene afise abafana bake ariko kandi bakundana,
Sinibaza ko ico nkorewe uyu musi hari uyundi muririmvyi yoba aragikorerwa n’umufana wiwe, ahubwo rero kariko kanya ko kugira ngo bamwe bata amajambo mukuncafuza no mukuvuga ayamuhe ahubwo baze kuko bamwe ni nkabakuru banje”.

Ariko Champagne akabandanya gira ati:

“Nimba kuva itariki cumi n’umunani 18 z’ukwezi kwa gatanu ariho nasavye ko banterera ubu akaba ari itariki zine 4 zukwezi kwa gatandatu urumva ko ari urukundo rudasanzwe , rero ntimuze mutangare nkoze igiteramo i burayi ukabona cuzuye kandi narihishije amafaranga angana n’idorari 100 ($100) kuko nimba umufana wanje yoyampa ataco namukoreye ntacobuza kuyampa ariko ariha concert.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769