footballgroups-at-messagehomepageintamba murugambakirundikirundi_Sportsprimus ligueSport

Mu misi 40 ikibuga citiriwe Petero Nkurunziza PPC kizoba carangiye gukorwa

Ikibuga c’imakamba c’umugwi Aigle Noir cahawe izina rya nyenicubahiro Petero Nkurunziza Peace Park Complex mu misi 40 gusa ico kibuga gishobora kuba carangiye gukorwa ivyo bikaba bivugwa n’uwashinze Umugwi wa Aigle Noir The Fighters Honorable Réverien Ndikuriyo atwara Inama Nkenguzamateka hamwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB.

Abicishije kurubuga rwa Facebook nyakubahwa Réverien Ndikuriyo akaba yanditse ati ” NKURUNZIZA PEACE PARK COMPLEX STADIUM
IMINSI 40 KUGIRA TUBE TWAHEJEJE”

Mukamenya y’uko ico kibuga ca Petero Nkurunziza Peace Park Complex arico kibuga ca mbere ngaha mu Burundi cakira abarorerezi benshi bashobora gushika nk’ibihumbi mirongo ibiri n’indwi (27000).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 901