BurundiDiasporadiaspora musicdiaspora music videodiaspora promoteddiaspora youthEntertainmentGospelhomepagekirundimusic

Diaspora| John Classic agarukanye inguvu zidasanzwe mu muziki ndundi

Inyuma y’igihe kitari gito ataboneka ku rubuga rw’umuziki, John Classic, umurundi asanzwe arangurira imirimo yiwe muri Canada yagarutse muri game ya music.

John Classic asanzwe aririmba indirimbo zishemeza Imana, Gospel, agarutse n’indirimbo idasanzwe yataziriye “anaweza bwana”, ikaba ije ikurikira iyindi yaherukirako gusohora amasanamu yise “Mwambie yeye” ubona ko iriko iravyifatamwo neza ku rubuga rwiwe rwa youtube arirwo “John Classic”

Aganira na Indundi Magazine, John Classic yagize ati :

“Ku bikorwa nari nateguye gushikiriza aba fans banje, muri uno mwaka vyaracerewe kubera ikiza ca coronavirus cateye isi ariko vuba ngiye kuza ndabaha ibikogwa vyishi kandi vyiza cane kugira mbandanye mpimbazanya namwe indirimbo nziza cane, ngireko ndanabasaba kunshigikira mu gukwirikirana ibikorwa vyanje cane cane kuri YouTube channel yanje ariyo John Classic nogutanga ivyiyumviro vyanyu muri commentaire kugira mbandanye ndabaryohera uko muvyipfuza.”

Tubamenyeshe ko umuririmvyi John Classic indirimbo ziwe zose azikoreshera muri Haki Record, iyo nayo akaba ari Studio yiwe bwite yashinze aho nyene muri Canada akaba asanzwe ari n’umuhinyanyuzi adasanzwe, mu ndirimbo zitanu amaze gusohora zompi zikaba ziri mu rurimi rw’igiswahili.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 780