BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicTourisme

Bobona abona Fabrice nk’umurezi w’abaririmvyi b’uru runganywe

Mu bariko batera amashurwe umuririmvyi Fabrice Nzeyimana asanzwe ari mu baririmvyi baririmba indirimbo z’Imana ariko bakorera Inyuma y’igihugu hiyongeyemwo Bobona nawe agize igihe kitari gito akorera ibikorwa vy’umuziki mu gihugu c’ubutariyano.

Bobona akaba abona ko uwo muririmvyi ari mu baririmvyi agize igihe akurikirana cane, aho abona ko uwo muririmvyi -Fabrice-ngo ari mu baririmvyi biyubaha, kandi bashobora kuba mu barezi b’urwaruka mu muziki. Ikirengeje Fabrice ngo ari mu ncabwenge.

Bobona yagize ati : “Haciye imyaka nkurikirana Nzeyimana Fabrice, umuririmvyi aririmba indirimbo zihimbaza Uhoraho Imana yacu. Uko bukeye uko bwira niko ndamubonamwo iyindi shusho, ishusho nziza, ishusho y’umuntu aciye ubwenge, umuntu yiyubaha kandi afise ikindi kintu kinini yoterera muri Burundi music Industry en general yoba umurezi w’urwaruka mu muziki w’ubu muri rusangi (… mvuze iki kintu kuko hari vyinshi cane biri kuri niveau nziza amaze gukora …. Kenshi twirengagiza …. )”

Ivyo akaba yabishikirije igenekerezo rya 30/12/20 mu gihe Fabrice yaheruka kugiranira ikiyago ku rubuga rwa Instagram na Dj Jackson aho bavuze ku karangamuziki –Identite Musical-, banavuga kuco abaririmvyi bubu bakurikirana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776