BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasaniPassportUnicef Burundi

Aimé Loveness : “Arayobeye” niryo zina ry’iyindi ndirimbo nshasha agiye gusohora

Aimé Loveness inyuma y’aho ashiriye ahabona indirimbo yise “UMFASHE NEZA” ngo vuba agiye kuzana iyindi ndirimbo nayo nyene itazoza ivyorosha.

Kubwa Grand Pictures isazwe ubu ikorana n’abaririmvyi batandukanye harimwo umurimvyi Aimé Loveness  ivuga kwagiye gushira ahabona aho bukera ku musi wa kane iyindi ndirimbo, iyonayo ikaba izokwitwa “ARAYOBEYE” .

Indundi magazine yashatse kumenya nimba iyo ndirimbo izosohokana n’amasamamu nk’uko yaheruka kubikora ku ndirimbo yaheruka gusohora ,umwe mubasazwe bakora muriyo nzu y’ubuhinyanyuzi akaba yavuze ko izosohoka ari indirimbo ikozwe kuri bimwe bakunze kwita Video Lyrics.

Mwomenya ko Aimé Loveness ubu akora akazi wenyene atagikorana n’umurwi Mirror Team akaba yanaheruka gushira ahabona amasanamu yindirimbo Umfashe neza ahinyanyuwe n’iyo nzu y’ubuhinyanyuzi Grand Pictures basanzwe bakorana ubu mu kumusahiriza mubikorwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775