East Africa NewsAkes DonEntertainmenthomepagekirundiMagic Soldier Kingorongoromusicmuzik na wasaniP squarePassportTanzania

Se wa Diamond yagize ico avuga kw’iyinjira ryiwe muri WASAFI

Naho se wa Diamond yabonetse mu ndirimbo “Mwewe” iheruka gushirwa ahabona muri ino ndwi tugira turangize, ngo ntibisobanura ko ari umuririmvyi, ahubwo yafashije abaririmvyi babimusavye.

Mu gihe hagize imisi havurwa isohoka ry’ndirimbo yabonetsemwo umuvyeyi wa Diamond, uwo muvyeyi yahavuye agira ico avuze kuri iyo ndirimbo. Aganira na Masanja Tv yavuze ko abantu bakwiye kumenya ko we atari umuririmvyi, ariko akavuga ko yemera gufasha abamusavye ko yokwumvikana mu ndirimbo.

Uwo muvyeyi adacana uwaka n’umuhungu wiwe, avuga ko yasabwe na bene iyo ndirimbo ngo abonekemwo kandi aririmbe amajambo make, nawe aravyemera. Anongerako ko kandi yonemera mu gihe abana biwe bobimusaba.

Akaba yabandanije aganira n’iyo mboneshakure, aho yabazwa nimba yohava yemera kwinjira muri Wasafi ari nka hamwe umuhungu wiwe abimusavye, akaba yavuze ko atokwemera kuko we atari umuririmvyi.

Ariko uwo muvyeyi yabandanije avuge muri ico kiyago ko ari nka hamwe bamusavye ko yoza arabonekamwo uduce dutoduto mu ndirimbo ngo atovyanka, ariko ngo kuririmba vyo ntibirimwo kuko we s’umuririmvyi.

Uwo muvyeyi yanahavuye avuga ko umuvyeyi mugenziwe, Mama Diamond, ngo amaze kumuhamagara amukeza kuri ako karirimbo yaririmvyemwo, aho akavuga ko iyo atangura haraheze igihe ngo bishoboka ko nawe hari aho aba amaze kwigeza.

Mwomenya ko iyo ndirimbo “Mwewe” yayiririmbanye n’abasore nka Blod Gaza na Sungura Madini basanzwe batari mu gitigiri c’abaririmvyi bazwi muri ico gihugu. Ikaba yasohotse  muri iyi ndwi kugiye kurangiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769