Umusore w’imyaka 17 Irankunda Nestory yavukiye mu nkambi y’induta mu gihugu ca Tanzania ariko muri kino gihe aba mu gihugu ca Australia agiye gukinira umurwi ukomeye kw’isi wo mu budagi witwa Bayern Munich.
Hari ku musi wa gatanu igenekerezo rya 05 Rusama 2023 niho ikimenyeshamakuru Bein Sports cazindutse candika ko umurwi Bayern Munich wo mu budagi wamaze kugura umukinyi w’umurundi Irankunda Nestory w’imyaka 17.
Irankunda Nestory azoca aba aratijijwe mu murwi wa Adelaide United waho muri Australia nyene gushika mu mwaka w’inkino 2023 – 2024 maze aheze ace ahamvya umurwi mushasha kuriwe Bayern Munich.
Irankunda Nestory mu mwaka wa 2023 yarahamagawe gukorana imyimenyerezo n’umurwi nserukira gihugu wa Australia w’abakuze wariko witegurira urukino rwa kivandimwe na Ecuador mugabo ntiyabashije kuwukinira .
Gushika ubu Irankunda Nestory ntarahitamwo gukinira umurwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba .
Mwomenyako uwo mukinyi avuka ku bavyeyi bose b’abarundi .