EntertainmentAkes Donhomepagekirundimusicmuzik na wasaniPassportUnicef Burundi

Dj Paulin yavuze kwibura rya B face, hakaboneka Mb Data mu giteramo

Havyutse ikibazo c’uko Mb Data yatumiwe mu giteramo ca Sheebah kiriko gitegurwa na Dj Paulin, ariko B Face ntiyabasha gutumirwa, kandi bafitanye indirimbo nshasha bakoranye, banarikumwe na Dj Paulin ari nawe ariko arategura ico giteramo.

Hampande ya B Face yiterefoneye Dj Paulin abimubaza, no mu kiganiro Be News gica ku mboneshakure BETV naho uwo mu DJ barabimubajije. Mu nyishu akaba yavuze ko atobakwizamwo bose, ahubwo ngo B Fce azoca aboneka mu kindi giteramo kizokurikira.

DJ Paulin akaba yanaboneyeho akaryo ko kumenyesha ko mu yindi ndirimbo izokurikira azokorana n’abaririmvyi batandukanye nk’uko yabikoze kuri Doda, ngo nawe akajwi kiwe kazumvikanamwo. Nayo ikibazo c’ukuduga kuri Stage igihe c’igiteramo, ngo ubu araciga uburyo azoduga kuri Stage yitwa.

Mwokwibuka ko ico giteramo Dj Paulin ariko arategura kizoba igenekerezo rya 27/4.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769