EntertainmentAkes DonGospelhomepagekirundimiss-burundimusicmuzik na wasaniPassportUnicef Burundi

Habonetse amasanamu mashasha y’indirimbo ya Appolinaire

Inyuma y’igihe kitari gito Apôtre Appolinaire ataboneka mu masanamu y’indirimbo n’imwe, haraheze imisi 3 hariko harakwiragizwa hirya no hino amashusho y’imwe mu ndirimbo aboneka ariko aririmbamwo.

Iyo ndirimbo ikaba iboneka nkaho yafashwe igihe hariko haba igiteramo, naho tutabashije kumenya ico giteramo igihe cabereye.

Naho tutabashije kumenya ryari cabere, ariko twabashije kubona ko cabereye mu nyubakwa za CLM Bujumbura, ahahozwe hitwa Odeon Palace.

Iyo ndirimbo ikaba iboneka mu rukurikirane Niwewe rwasohotse mu mwaka wa 2015, yumvikanye kandi isa nkaho itandukanye gatoya n’uko abantu benshi bari bayizi, kuko yahinduwe gato mu buryo bwo kuyihibongoza.

Iyo ndirimbo ibonetse ku rubuga rushasha rwa Youtube, rushobora kuba ari urw’umuririmvyi Appolinaire, ikaba yiswe “Indirimbo Yanje nayikuye i Gologota”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 770