East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Israel Mbonyi agiye kugwanira isoko ry’abaririmba igiswahiri cane

Umuririmvyi w’umunyarwanda Israel Mbonyi, nawe ngo agiye gutangura gukora cane Indirimbo ziri mu rurimo rw’igiswahiri, ivyo.

Uwo muririmvyi w’umunya Mulenge akunzwe muri b’ino bihugu vy’akarere ka Africa y’ubuseruko, mu ndirimbo aheruka gusohora, habonetsemwo Indirimbo iri mu rurimi rw’igiswahiri, Nina Siri, none yakunzwe kurusha izindi.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa X, arirwo rwahoze rwitwa Twitter, uwo muririmvyi yasangije abantu Screen shot y’iyo ndirimbo haboneka ko yakwije Views 4,000,000, noneho abaza nimba bashatse kumusigurira ko yokora Indirimbo nyinshi mu giswahiri.

Uwo muririmvyi yaronse abantu batari bake bamubwira ko vy’ukuri afise abafana batari bake bumva igiswahiri, Kandi ngo abantu bomukurikirana muri Afrika y’ubuseruko ngo ni benshi cane.

Nk’ikimenyetso c’ivyo bariko bamubwira, Iyo ndirimbo yasohotse haraheze amezi arenga 2, ikaba yaciye iza mu ndirimbo 100 zikunzwe muri Kenya, nkuko yabashije kubisangiza abafana biwe Kuri X.

Israel Mbonyi akaba agarutse mu kanwa k’abatari bake inyuma yaho avugiwe cane, kubera ifoto zabonetse arikumwe n’umukobwa vyavuzwe ko yoba Ari umu Cherie wiwe, Kandi n’ubugeni ngo bwoba buri hafi, ariko ntihagire ico y’aba mbonyi y’aba umukobwa babivugako.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,871