homepageSanté

Indwara y’ibigatu abandi bita imvutu ishobora gutera umuntu ubumuga mugihe atayivuje

Ibikorwa vy’amaguru biri mubishobora gutera indwara y’ibigatu canke imvutu. Muganag yanonosoye ibijanye no kuvura Indwara zo k’urukoba Jean Berchemas Ntihebuwayo avuga ko m u gihe umuntu atayivuje ishobora guteza ubumuga  ariko akemeza ko ari indwara ikira.

Indwara y’ibigatu  abandi bita  imvutu ifata ibirenge canke ibiganza “kératodermie palmo-plantaire” ikagaragazwa n’isadagurika canke  ivungagurika  ry’izo ngingo z’umubiri  ishobora guterwa n’ibikorwa umuntu akora canke umuntu akayirwara kuko hari uwo mumuryango ayifise (herédité). Ivyo bisigurwa na muganga Jean Berchimans Ntihebuwayo yanonosoye ibijanye no kuvura indwara zo kurukoba.

Kubwiwe, ibimenyetso vy’iyo ndwara bishobora kwibonekeza mbere k’umwana akiri muto.

Mugihe iyo ndwara ishobora guterwa n’ibikorwa vy’amaguru canke amaboko  umuntu akora, muganga Ntihebuwayo asigura ariko ko ivyo bivana n’ingene  umubiri  wumuntu  uba  wubatse “predisposition génétique” kuko atari abakora ivyo bikorwa bose bafatwa n’iyo ndwara.

Hambavu yuko iyo ndwara ibabaza , muganaga Ntihebuwayo asanga  iyo  ndwara  akenshi abantu bayisuzugura kandi  ishobora  no kuba  ikimenyetso  c’izindi ndwara  umuntu  ashobora kuba  afise ,nk’indwara ya  cancer.

Nayo zimwe mungaruka z’ukutayivuza ni uko umuntu ashobora kumugara zimwe mungingo z’umubiri wiwe.“Ingaruka zose k’umuntu ativuje indwara iyariyo yose,indwara irahava igakura ikagorana kuvura…irahava igashikira izindi ngingo nk’amakonyera hanyuma hakazamwo n’ubumuga canke hakazamwo n’iyindi migera ikamutera ibindi bibazo”

Bumwe muburyo bwo kugira uwufise ibigatu yoroherwe, harimwo  kwisiga  amavuta  yorosha  umubiri canke  amavuta  y’inka. Muganga Ntihebuwayo avuga ko ivyo bishobora kubafasha kuko ayo mavuta yorosha umubri, ariko ko ayo ashobora gusendwa. Ahanura uwobona wese  ikimenyetso  co gushishuka  canke  gusaduka  mukirenge canke mukiganza kwitura abanganga kugira  avugwe indwara imutera  uko  gusadagurika  canke  gusaduka  kugira  ahabwe  amavuta azwi nka  kératolytique arimwo umuti  ufasha  kworosha umubiri.

Inkuru yanditswe na Egide NAHAYO

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,675