Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasaniUnicef Burundi

Muri Tanzania Lolilo ngo yahigiye uko barondera amafaranga

Urugendo rwa Lolilo muri Tanzania rwamuteye kubona kure n’uburyo bacamwo amafaranga muri ico gihugu.

Urugendo rwa Lolilo mu gihugu kibanyi ca Tanzania, rwamuviriyemwo vyinshi. Ivyo n’ivyo aheruka gushikiriza mu kiganiro yahaye imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Muri ico kiganiro, Lolilo yemeza ko yahindutse bimwe biboneka, kuko urwo rugendo rwamuhumuye amaso. Bimwe muvyo yahigiye ngo n’uburyo bwo guca amahera mu muziki.

Lolilo yanavuze ko yakoranye n’abaririmvyi batandukanye bo muri ico gihugu, naho atashimye kubavuga. Akavuga ko abo bakoranye barimwo abahungu n’abakobwa, ariko indirimbo zabo ngo zizosohoka inyuma y’amasanamu hamwe n’amajwi y’indirimbo Romeo et Juliette bizosohoka igenekerezo rya 10/6.

Mukibuka ko iyo ndirimbo izosohoka yayikoranye n’abahinyanyuzi 2, Lizer Classic yayiheraheje hamwe na Peniel Pro yatanguye kuyikora.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769