africa newsEntertainmenthomepagekirundimusic

Zari yavuze Ku nzu ya Diamond bavuga ko abamwo muri Afrika y’epfo

Zari ntabona kumwe n’abavuga ko aba mu nzu ya Diamond muri Afrika y’epfo, nayo we avuga ko afise izitari nke muri ico gihugu ca Mandela.

Abantu bavuga ko inzu abamwo muri afrika y’epfo ari iya Diamond ngo n’ububeshi butagira izina. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Zarinah Hassan ubwiwe mu kiyago yagiranye na Ayo TV.

Muri ico kiganiro, uwo mugore w’abana 5 yavuze ko inzu abamwo atari iya Diamond ari iy’abana biwe, Iyo ngo n’iyo abana biwe bazobamwo nibakura.  Igurwa ry’iyo nzu ngo yarikoranye ubwenge kugira abana biwe bagire ico basigarana.

Uwo mugore akaba kandi yaganirije ico kinyamakuru ko muri uno mwaka nyene ngo azonayimukamwo akaja kuba mu yindi nzu baguranye n’umukunzi wiwe mushasha, Iyo ngo ikaba iriko irasubirwamwo.

 


 

Hampande y’iyo nzu uwo mugore avuga ko afise inzu zitari nke, murizo harimwo n’izo atagikoresha, zamaze kumeramwo ivyatsi. Izindi zo akavuga ko azozigurisha kuko azohava asanga zamupfuyeko ubusa.

Zari akaba abishikirije mu gihe hari icuka kitari ciza hagati yiwe na Diamond bavyaranye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769