East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Muyoboke yavuze kuri Charly na Nina hamwe na Big Fizzo

Muyoboke ntiyemeza canke ngo ahakane ko Charly na Nina basubiye hasi, ariko avuga ko umuvuduko bariko bakirikumwe atariwo bariko.

Biragoye kwemeza canke guhakana ko umurwi charly na Nina woba warasubiye hasi canke ubandanya ukomera, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Muyoboke Alexis yahoze ari umusahirizi wabo, Manager.

Uwo mugabo yakoranye n’abaririmvyi batari bake barimwo na Big Fizzo, avuga ko ukudatera imbere vyihuse nkuko vyari biri mu misi iheze bakiri musi y’uburongozi bwiwe, ni kimwe mu vyerekana ko hari ikibuze.

Muyoboke avuga ko ico kibuze ari Management, igituma ngo nuko ata muririmvyi ashobora gutera imbere nk’abandi bakomeye mu muziki muri kino gihe ata management afise. Ico akakivuga afatiye ku bavuga ko bafise Team ivyirukamwo ngo ico sico na gato, kuko Management yoba ariyo iba iriko iraba ubuzima bw’uwo muririmvyi.

Mu kiganiro na Isimbi Tv dukesha ino nkuru uwo mugabo avuga ko abo bigeme bavanye kure, kandi ko bari bamaze gukora ibitari bike. Ariko igisumbirije avuga ko uwo bakwiye gushimira cane gusumba ari Big Fariouz we yatumye abamenya bose uko ari 2, kuko ngo we yarasanzwe azimwo umwe muribo, ariko atabazi nk’umurwi.

Mwomenya ko ubu uwo murwi uri mu minwe ya 1k Entertaiment isanzwe irongowe n’umuririmvyi DJ Pius, nawe ngo akaba ari umwe mu baririmvyi bakoranye hagufi cane n’uwo yahoze ari umusahirizi wabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769