BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Afrika nova yarahagaritse umuziki ariko awukurikiranira hagufi

Afrika nova ngo naho yahevye umuziki aronse akanya arakora ibiteramo hirya no hino kuko abakunzi b’indirimbo ziwe babandanya bamusaba kuzicuraranga.

Africa Nova ntagikora umuziki nkuko yawukora akiri muto, ubu awukora nko kwiryohera gusa nkuko aheruka kubiyagira SBS mu Kirundi, igisata c’insamirizi ya Australie gishikiriza ibiganiro mu Kirundi.

Muri ico kiganiro, iyo nararibonye avuga ko akurikiranira hafi cane umuziki ndundi, ngo iyo aronse akanya ko kuraba kuri Internet ngo aramviriza amakuru co kimwe n’umuziki uriko urasohoka muri kino gihe.

Naho muri rusange avuga ko umuziki uriko urasohoka muri kino gihe ari mwiza, yemeramwo bamwe bamwe muribo. Muribo hakaba harimwo Kidum, Big fizzo, Yoya, Ester Nish, Riziki n’abandi kuko abona ko bariko bifata neza muri kino gihe.

Nova muri ico kiganiro anagaruka ku bigeme nka Nish co kimwe na Riziki kuko yumva ko amajwi yabo atari ayo gupfisha ubusa. Ngo n’ay’igitangaza. Nova abandanya avuga ko abo ari abigeme nawe nyene yoshima gukorana nabo.

Nova abandanya avuga ko naho yahagaritse umuziki, ariko ugukora ibiteramo vyobitahagaze, kuko aronse uburyo n’akanya ngo akora ibiteramo bitandukanye. Aho akavuga nk’ico yakoreye hano iwacu mu mwaka wa 2013, co kimwe n’ivyo ahora akorera haba muri Canada, Australie no ku mugabane wa buraya.

Mwomenya ko Afrika Nova ari mu nararibonye nke mu muziki ndundi zigihemu impwemu z’abazima, kandi zifashe neza kuko bamwe bo naho bahevye umuziki ubuzima butifashe neza na gato.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760