Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasanipromotedTabacUnicef Burundi

Akes Don yoba agiye guheba umuziki?

Inyuma y’ugukora indirimbo zitandukanye harimwo n’ama collabo atandukanye ubunaho ngo agiye kubarizwa mu bijanye no guhinyanyura indirimbo.

Umuririmvyi Akes Don akaba asaba abasazwe bafise indirimbo zanditse bikwije kobogenda bagatangurana nawe mukubafasha aho avuga kwazokora indirimbo zigera kuri 9 gusa zisazwe ziri mu mudiho wa Hip Hop mu ntumbero yugufasha abasazwe bakora uwo mudiho nukugira basubire bumve ukuboko kwiwe koyagarutse mu guhinyanyura indirimbo zitandukanye.

Igihe indundi Magazine yamwegera imubaza ko yoba agiye guhagarika umuziki yishuye avuga ati “nzobikora vyose nk’uko nahora ndabikora nk’ubwambere”. Yongeye agirako anavuga ko muri izo ndirimbo 9 yemeye za Promotion aza amaze gukorera umwe nawe si uwundi ni umuririmvyi Bizzo Uwezo hakaba hasigaye abandi munani akirindiriye.

Akes Don akaba rero kuva ubu ngo agiye kugaragara mu guhinyanyura  indirimbo mu nzu imwe y’ubuhinyanyunzi isazwe iri mugisagara ca Bujumbura African Touch.

Mwomenya ko Akes Don yaheruka kugaragara muma collabo atandukanye aho turavuga nk’indirimbo Iwawe yakoranye na Vichou P6 and Love hamwe na Nyegera bakoranye na B-Face indirimbo zakunzwe n’abatari bake.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769