BurundiDiasporaEntertainmenthomepagekirundimusic

Babbi yashize ahabona ya EP yiwe

Uruhererekane rw’indirimbo Babbi yari yamenyesheje ko zizoja ahabona vuba, zamaze gushirwa ku mugaragaro ku muhora wiwe wa YouTube.

Izo ndirimbo nkuko yari yabimenyesheje zikaba zigera kuri 5. Izo zose zikaba zashizweko mu mwanya utandukanye, ariko mu kiringo c’imisi 2, ariko kandi izo ndirimbo zikaba zinaboneka ku mbuga ngurukanabumenyi zisanzwe zidandaza umuziki, ari nayo yari yabaye imbarutso y’ukutaboneka Vuba.

Mu kiyago yaheruka kugira na Indundi Magazine, akaba yari yamenyesheje ko bikunze azobasha gushira ahabona amasanamu ya zimwe muri izo ndirimbo.

Izo ndirimbo 5 zikaba zigize ico mu kinyamazuru bita EP, ikaba nkuko yari yabituyagiye mu kiganiro giheruka, zakozwe n’abahinyanyuzi batandukanye. Tubatumirire rero kuzumviriza kugira namwe Mugira ico mukubwiye.

Mwokwibuka ko indirimbo yiwe ya nyuma yari yasohotse haraheze amezi 3, ikaba yari indirimno When I’m with you, ariko amasanamu ya nyuma y’indirimbo akaba ari ay’iyo yakoranye na mugenziwe BM bakaba bayise Ningisa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 763