Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Ng’ibi ivyo R-Flow yasavye Reta y’Uburundi n’abaririmvyi b’Uburundi

Inyuma y’igihe kinini hari indyane zigiye zitandukanye hakama haboneka ubucuti kuri bamwe ariko hakaza indyane kurundi ruhande ni R-Flow yashikirije bimwe muvyiyumviro vyiwe n’ico yiyumvira ko cohava gikura mukaga umuziki w’Uburundi

Mukuza mugihugu c’Uburundi akahakora ibikorwa bitandukanye ubona ko ariko ashiramwo inguvu nyinshi mwigaruka ryiwe; ni R-Flow ubona ko abandanya kwifata neza ni nomugihe aheruka gushira ahabona akaririmbo kiwe yise LOVE aho ar’imwe mundirimbo ziwe
iriko igenda ikindwa n’abatari bake hano mugisagara ca Bujumbura.

Igaruka ry’uwo muririmvyi ryo naho risa n’irisanzwe nkuko bamwe boba bavyibaza ariko siko bimeze kuko yipfuza ko ryoza ari igaruka ryohava rivamwo bimwe muvyiyumviro vyovamwo urukiza ku muziki wa hano iwacu

Mukiganiro twakoranye ni R-Flow yagize ati:
*”Ugushigikirana mumuziki wa hano iwacu ntabihari uhereye kuri twebwe n’Abaririmvyi bakora Gospel, baripfuza ko twe tubashigikira ariko bobo ntavyo bakora, nk’akarorero ukabona yakoze post kundirimbo yanje canke uwundi”*

Biracagoye cane ariko mukuri Abaririmvyi b’Abarundi twari dukwiye kuba dufise Intumbero imwe twese,apana ko uwukoze interview wese ajaho akivugira ukwiwe,
*Bamwe ngo Umuziki nturiha abandi ukumva ngo Urariha, Ukumva hariya ngo Leta ikwiye kudufasha abandi ngo ntiyodufasha twe ubwacu tudafatanye munda.
Ivyo vyose ni sawa sindavyanse ariko usanga twebwe ubwacu ari twebwe nyene twihemukira; Narabivuze kandi kandi ndabisubiyemwo

*Ubu aho umuziki ugeze harakwiye ko hoza haraba inama buri kumpera z’Ukwezi canke mumezi abiri hakabaho ikiyago kubaririmvyi ndetse n’Abamenyeshamakuru bo bajejwe guteza imbere uyu muziki n’Abaririmvyi b’Uburundi ariko nkasaba ko vyoba Bizwi kuva hejuru aho nshatse kuvuga ko Vyoba bizwi na Leta y’Uburundi irikumwe na Radiyo na Tereviziyo vy’igihugu (RTNB) bakaca bafatanya n’izindi Nsamirizi zigenga cokimwe n’imbonesha kure zigenga zikanakorera kumbuga ngurukanabumenyi*

ayo ni amwe mumajambo uwo muririmvyi R -Flow yatuganiriye yemeza ko hari vyinshi vyokorwa ariko Habanje kubaho ubumwe hagati yacu haba mubaririmvyi ndetse nababakurikirana ndetse n’Abamenyeshamakuru akabandanya yemeza neza ko naho Tuvuga ko twateye Imbere ahubwo ubikurikiranye aho umuziki wacu wahereye ukaraba nuwahandi uzosanga neza twarasubiye inyuma.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 754