homepagekirundimusic

Big Fizzo yamaze gushika ku mugabane w’Uburayi

Dj Saido ari muri bamwe basanzwe bavanga umuziki w’abarundi bakunzwe ku mugabane w’Uburayi, yamaze kumenyesha ko Big Fizzo yamaze gushika kuri uwo mugabane.

Mugani ashitse kuri uwo mugabane mu gihe yitezwe i Toulouse mu Bufaransa kuri uyu wa 6 aho azokorera igiteramo cari kigize imisi kiriko kirategurwa.

Big Fizzo akaba azokorera igiteramo kuri uwo mugabane inyuma hafi y’amezi 2 ahakoreye ibindi biteramo birimwo ico yakoreye i Paris ku mugwa mukuru w’ubufaransa.

Big Fizzo akaba kandi yitezwe muri Amerika naho hataramenyekana State azokoreramwo co kimwe n’igenekerezo, ariko bikavugwa ko ari vuba cane.

Mwokwibuka ko Big Fizzo yari yagarutse mu gihugu mu mpera z’ukwezi kwa 6, kugira abashe kwitabira isabukuru ry’ukwikukira, Festival de l’independance, risanzwe ritegurwa na Bantu Bwoy ubwabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 741