Ubushikiranganji bw’inyubakwa, ibikoresho vya Reta no kurwiza uburaro bwatunganije kuri uno wa kane igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2021 ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo gushikiriza aho ibikorwa bigeze…
Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2021, umushikiranganji w’intwaro yo hagati, iterambere rusangi n’umutekano Gervais ndirakobuca yakiriye abarundi bagera kw’159 bari bahungutse bavuye mu gihugu kibanyi…
Abajejwe intwaro ku nzego z’intara basabwa gufasha gushira mu ngiro ingingo z’umurwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB. Félicien Nduwuburundi arongoye uyo murwi yabishikirije mu nama yo…
Umukuru w’igihugu c’Uburundi asaba abakorera mu gisata c’ubutungane kwikebuka bavavanure no guca imanza bashizemwo inzigo. Mw’ijambo ryiwe ryo gutanguza igikorwa co kurekura abanyororo bahawe ikigongwe n'umukuru…
Kuri uno wa mbere, igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2021, imiryango y'abantu igera kuri mirongo ibiri yimuwe bitumwe no gusenyuka kw'isi kwadutse kubomagura amazu atari make ku mutumba na zone Migera komine Kabezi mu…
Abanyororo bahawe ikigongwe n’umukuru w’igihugu batanguye kurekurwa kuri uyu wa mbere. Abarekuwe bamenyesheje ko banezerewe cane no kubona basubiye mu miryango yabo. Mu gutanguza ico gikorwa, umukuru w'igihugu hamwe…
Kuri uno wa mbere igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2021, mw'ibohero rikuru rya mpimba habaye ibikorwa vyo kurekura icese abanyororo bari bapfunzwe bababa ibihumbi bitatu bagiriwe ikigongwe kw'itegeko ry'Umukuru…
Ikiringo kiri hagati y'ukwezi kumwe n'ukwezi kumwe n’igice nico cahawe abafise amazu kw'ibarabara ry’igihugu inomero 6 (RN6) batubahirije amategeko kuzoba bisubiyeko. Abo bantu akaba ari abo mu makaritiye ya…
Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano bwasubiye kugabisha abantu canke amashirahamwe abandanya atoza amafaranga bita ay’imbuga ku bituro ko abazofatwa bazohanwa hisunzwe amategeko.…
Imifuko yo gushingura umwimbu w’ibigori hamwe n’utwuma two gupima ivyo bigori ngo biriko birakwiragizwa mu gihugu cose. Umushikiranganji ajejwe uburimyi yabishikirije, kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 20 Ndamukiza 2021, mu…
Welcome, Login to your account.
Welcome, Create your new account
A password will be e-mailed to you.