Inyuma y'inama yagirishije ba buramatari hamwe na ba musitanteri bose ku murwa mukuru wa poritike i Gitega, Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye, kw'izina rya Reta ,yatanze imiduga mishasha kuri ba…
Umukuru w'igihugu c'Uburundi asaba ba musitanteri na ba buramatari bose kubera inyishu abanyagihugu barongoye. Evariste Ndayishimiye yabivuze kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 23 Gitugutu 2020 ari i Gitega ku…
Imiriyaridi zirenga 1000 z'amafaranga y'amarundi niyo yatojwe n'ikigo kijejwe kwegeranya amakori n'amatagisi OBR mu mwaka wa 2019 ushira uwa 2020. Ni mu gihe cari citeze gutoza imiriyaridi 908. Ivyo ni…
Integuro y'ibwirizwa isubiramwo ingingo tegeko igenga ivy'abakozi n'akazi mu Burundi, yizwe kandi yemezwa ijana kw’ijana n’Inama nshingamateka kuri uyu wa kane igenekerezo rya 22 Gitugutu 2020. Zimwe mu ngingo…
Urwego rw’ikivuko c’igihugu kibanyi ca Tanzaniya ngo rugiye kwugurura ibiro vyaco i Bujumbura. Ivyo ni ibishikirizwa n’umupfasoni Jully Elibariki Maleko asanzwe aserukira igihugu ca Tanzaniya hano mu Burundi abicishe …
Abakozi bo muri kaminuza y'Uburundi bahurikiye mu masendika SPEUB na SPATUB bavuga ko batewe impungenge n'uko imirimo ishobora gucumbagira muri iyo kaminuza. Imvo ngo ni ingingo iherutse gufatwa…
Abarundi bibutse kuri uyu wa gatatu imyaka 27 irangiye uwahoze ari umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye agandaguwe, hari kuwa 21 Gitugutu mu 1993. Perezida Ndadaye Melchior yashimikira k’ukwubahiriza agateka ka zina muntu kuri…
Ishirahamwe ry’abapfakazi n’impfumvyi baharanira agateka kabo AVOD basaba ko Reta yobafasha bimwe biboneka kugira batere imbere. Biri mw’itangazo iryo shirahamwe ryashize ahabona kuri uno wa kabiri, igenekerezo ra 20…
Uwahoze arongoye igihugu c'Uburundi mu myaka iheze Petero Buyoya yaciriwe umunyororo wo guherayo amaze kwagira icaha co kugandagura Perezida Ndadaye Melchior. Petero Buyoya muri kino gihe ahagarariye ishirahamwe…
Umunyororo wo guherayo hamwe n’indishi y’akababaro y’imiliyaridi zirenga ijana na zibiri nico gihano cakatiwe abantu 19 bagirizwa ivyaha vyo kugandagura umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye hamwe no guhungabanya umutekano…
Welcome, Login to your account.
Welcome, Create your new account
A password will be e-mailed to you.