Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano buributsa abafise ubunywero, uburiro, ubutambiro hamwe n’abarongozi b’amashengero barara baratamba bavuza ingoma ko bobihagarika guhera uno musi…
Impunzi z’abarundi bahora mu nkambi y’impunzi y’I Mahama mu gihugu kibanyi c’Urwanda zahungutse kuri uno wa kane igenekerezo rya 10 Nyakanga 2020, aho zakiriwe zishitse ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda neza na neza mu…
Zimwe mu ntambamyi zishobora gutuma abarundi babarizwa mw'ikambi y'impunzi ya Mahama mu Rwanda badataha ngo harimwo amadeni bafise. Ivyo n'ibishikirizwa na bamwe mu barundi b'impunzi babarizwa muri iyo…
Abigisha babiri baheruka guhagarikwa n’igiporisi c’Uburundi kijejwe gukingira abana n‘imico bagirizwa gufata ku nguvu abarerwa babo. Nk’uko bishikirizwa na Moïse Nkurunziza, icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji…
Uwahoze avunja amafaranga mvamahanga mu gisagara ca Bujumbura Simbananiye Jakson benshi batazira Kirahwata yatowe ari ikiziga mu gatondo ko kuri uno wa kane igenekerezo rya 14 Rusama umwaka w’2020. Ikiziga ca Simbananiye…
Ingingo y'umukuru w'igisagara ca Bujumbura yo kurekurira abunguruza abantu n’ibintu bakoresheje amakinga, amapikipiki hamwe na tukutuku kurengana ibiraro vya Ntahangwa yo haruguru hamwe n’iy’epfo irashimwa cane…
Umugabo w'imyaka 55 y’amavuko yaraye agandaguwe n'abagizi ba nabi, mw'ijoro ryo ku wa gatanu buca ari kuwa gatandatu bamusanze ku muhana iwe ku musozi Burambira komine Gashoho intara ya Muyinga. Musitanteri…
Ibarabara rya Bubanza - Ndora rica muri zone Kivyuka komine Musigati mu ntara ya Bubanza ntiririko rirahita muri kino gihe. Imvo ni ibihomoka vy’umutumba Gashinge wakorokeye muri ryo bivuye ku mvura nyishi yaguye kuri uyu wa…
Umuyobozi mukuru w'igiporisi kijejwe gukinga ibiza n’isibe asaba abanyagihugu kutagira ubwoba kubera ikiza c’umugera wa corona ngo kuko n'indwara ikira. Antoine Ntemako yabishikirije, kuri uyu wa gatatu i Gitega,…
Amafaranga y’amarundi arenga gato imiriyoni 3 hamwe n’amaterefone 18 ivyo nivyo vyibwe n’abasuma bitwaje ibigwanisho mw'ijoro ryakeye kuri uyu wa mbere ku mutumba Rugenge muri komine Mpanda intara ya Bubanza. Amakuru…
Welcome, Login to your account.
Welcome, Create your new account
A password will be e-mailed to you.