BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Compilation ya Emelance Emy buca isohoka

Umuririmvyikazi Emelance Emy ngo agiye gushira kuri za mbuga zigurisha umuziki Compilation y’indirimbo yakoze kuva mu mwaka wa 2007 gushika muri 2022.

Ivyo vyashikirijwe ku musi w’ejo n’imbuga hwaniro za Digita Distribution co kimwe na Bukiv News, eka n’urubuga rwa Facebook na Instagram vya Bacumi Jackson azwi nka Dj Jackson ari nawe CEO akaba na Manager w’izo Company.

Uwo mutware akaba yahamagariye abantu kuba maso, kuko izo ndirimbo mu mwanya utarambiranye ngo zizoba zamaze gushika kuri izo mbuga zigurisha umuziki.

Ubwo butumwa bukaba buje Inyuma yaho Jackson amenyeshereje ko buguruye ibiro mu gisagara ca Bujumbura, agatumirira abaririmvyi n’abanditsi b’ibitabo kubegera kugira bakorane mu gushira ibikorwa vyabo ku mbuga hwaniro zishirwako ibikorwa nkivyo bakora.

Ayo makuru akaba amenyekanye mu gihe uburongozi bwa Digital Distribution bubarizwa I Bujumbura, kandi na Emelance Emy yaheruka I Bujumbura mu bikorwa bitandukanye birimwo ivy’umuziki n’ivyiwe bwite.

Mukamenya ko Digit Distribution ariyo yakoranye na Emelance Emy mu gushira ku mbuga hwaniro zigurisha umuziki Indirimbo One Day yasohotse imbere y’urugendo, nayo amakuru dufise iri mu zitezwe kuri izo mbuga.

Ku batabizi, Dj Jackson akaba ari mu bamaze gukorana n’abaririmvyi batari bake hano iwacu, barimwo Sat-b, Emelance Emmy , Masterland co kimwe na Esther Nish mu gusangiza abantu benshi Indirimbo zabo ku mbuga zigurisha umuziki.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760