Burundi-GospelDiasporadiaspora musicEntertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Diaspora : John Classic, impano itari imenyerewe cane mu muziki ndundi

John Peter Hakizimana azwi nka John Classic kw’izina ry’ubusani, ni umurundi yavukiye mu gihugu kibanyi ca Repubirika yunze ubumwe ya Tanzaniya, akaba gushika ubu aba muri Canada.

Uwo musore ariko aritwara neza mu muziki asanzwe aririmba indirimbo zihayagiza umuremyi, zimwe abantu bakunze kwitwa Gospel.
Aganira na Indunsi Magazine, John Peter Hakizimana yamenyesheje ko yatanguye umwuga wo kuririmba mu mwaka w’2015 akaba gushika ubu ageze kuri album zibiri nubwo atarabasha kuzishira ku mugaragaro zose yamara akabandanya amenyesha ko ubu arico gikorwa kiramukiwe co kuzimenyekanisha kuma platforms atandukanye.

Gushika ubu, ku rubuga rwiwe rwa YouTube yise John Classic akaba amaze gushirako indirimbo zifise n’amasanamu zibiri (2 videos) hamwe na audio imwe.
Uwo musore abandanya ashikiriza ko mu misi ya vuba agiye kurekura iyindi ndirimbo n’amasanamu yayo igira gatatu yise “Mwambiye yeye”.
John Classic akaba asanzwe aririmba ahanini mu rurimi rw’igiswahili.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 773