Diasporahomepagekirundikirundi_SportsPrimusic2019Yvan muziki

Diaspora| Ndayishimiye Shebby yasubiye kuzanira imfashanyo Academie Gitega

Umurundi asanzwe aba mu gihugu c’Ubwongereza Ndayishimiye Shebby Warren abandanya gufata mu mugongo urwaruka rw’i Gitega abicishije mu nkino.

Ku musi wa kane igenenerezo rya 02 Rusama umwaka wa 2019, mu ntara ya Gitega niho mushingantahe Ndayishimiye Shebby Warren yashikirije imfashanyo y’ibirato vyo gukina umupira w’amaguru umugwi Academie Gitega basanzwe bakorana haraciye igihe c’imyaka 5 aho avuga y’uko batanguye gukorana n’urwo rwaruka kuva rukiri ruto n’abamufashije ku gwegeranya nka Iddy, Moussa , Desire hamwe na Madjaliwa.

Shebby akaba yiyemeje y’uko igihe cose azoba aje mu Burundi azohora azanira urwo rwaruka ibikoresho bitandukanye harimwo n’ivyo amashure kuko asanzwe ashaka gufasha mu nkino ndetse no mu ndero.

Indundi Sports ikaba yaramubajije impamvu yoba yatoye gufasha Academie Gitega yonyene kandi hari urundi rwaruka rukeneye uwurufasha akaba yishuye y’uko yari asanzwe afitiye ideni intara ya Gitega kuko ariho yize igihe akiri muto kandi yarahakuye n’ ubumenyi ikindi ngo n’uko yigeze gukinira umugwi wa Zebre .

Akaba yagize ati” Natoye gukorana na Acamies Gitega kuko niho nakuriye igihe ntaraja hanze , nkaba narahakuye n’ubumenyi igihe nari muto , sico gusa nkaba naranakiniye n’Umugwi wa Zébre kera igikomeye . haraje iyindi migwi insaba y’uko noyifasha ariko nkaba narayibwiye y’uko yorindira gato mbaze mfashe Academie Gitega”.

” Mfasha urwaruka rukiri ruto kuberako aribwo Burundi bw’ejo. igihe ndi muto narondera uwumpa ibirato vyo gukina nkabura ikindi n’uko nabonye gufasha urwaruka ari imigisha kuko nta kintu ciza nko gukorera abana iciza kandi nta kintu kibi nko gukorera abana ikibi”

Shebby Akaba asanzwe akorera mu gihugu c’Ubwongereza aho akorana n’amashure atandukanye mu kubaha imyimenyerezo y’inguvu “Physique” akaba yemeje y’uko imfashanyo ahabwa mu bwongereza azihabwa k’ubuntu kandi niwe azibasabira kugira aze afashe urwo rwaruka rwo mu ntara ya Gitega ,akaba avuga y’uko ahora ababwira y’uko mu Burundi hari urwaruka ruhora rukina ata birato , Imyambaro n’imipira rufise nabo bagaca babimuha akabizana mu Burundi kandi iyo atabibasavye usanga babitaye .

Mukamenya y’uko Ndayishimiye Shebby asanzwe afise umugambi wo kwuguruza amashure y’inkino ( Academies) mu bana bakiri bato mu misi iri mbere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 875