DiasporaEntertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasaniUnicef Burundi

Don Brighter : “Fire fire” niryo zina ry’ururirimbo rwiwe rushasha

Kubwa Don Brigther Fire Fire ngo niryo zina yakunze ko yokwita indirimbo izosohoka kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 25 Rusama.

Don Brighter umuririmvyi w’umurundi asazwe aba muri Leta zunze ubumwe za Amerika neza na neza muri Phoenix, Arizona agiye gusubira gusohora iyindi ndirimbo inyuma y’indirimbo Abatovyi baribakoranye n’umuririmvyi akomeye cane azwi kw’izina rya Kidumu Jean Pierre Nimbona.

Nk’uko biboneka ku rubuga rwiwe rwa youtube rw’uwo muririmvyi indirimbo Fire Fire izosohoka kw’ingenekerezo rya 25 Rusama 2019 indirimbo iboneka kwizozanana n’amasanamu yayo.

Mwomenya ko uwo muririmvyi yaheruka mu gihugu c’amavuka mu kwezi kwa  Ntwarante aho yabanje gushikira mu gihugu kibanyi ca Kenya bagakora indirimbo Abatovyi barikumwe na Kidumu hama aza i Burundi arahava aja no muri Tanzaniya aho hose akaba yagenda arakora indirimbo zitandukanye gushika ubu ata n’imwe arasohora.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 773