EntertainmentAkes Donhomepagekirundimusicmuzik na wasaniPassportUnicef Burundi

Aragarutse inyuma y’igihe atariko arumvikana

Ni inyuma yo kuba ari mugacerere kadasanzwe aho vyamenyekanye ko habayemwo n’ikibazo co gukikwa n’amagara.

Uwo s’uwundi ni Miss Erica aho ngo abwirizwa gushira ahabona akaririmbo kiwe gashasha kaje gakurikira akahahora katigeze kavyorosha na gato haba hano iwacu ndetse no hanze y’igihugu ariyo “Mon Amour”.Miss Erica nkuko tubikesha imbuga ngurukana bumenyi yemeza ko kuri uyu wa gatandatu uza igenekerezo rya 13 Ndamukiza 2019 agiye gushira ahabona akaririmbo kiwe gashasha yise SINOVAKO aho yemeza ko kazoba kari mu mudiho utandukanye niyo mwari mumaze imisi mumwumvako kuko ngo agomba kuryohera abamukurikirana mu midiho itandukanye.

Aho mwomenya ko Miss Erica asanzwe arangurira ibikorwa vyiwe mugihugu c’Urwanda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769