homepageIndundi CinemakirundiMovies

Kabizi Boris yipfuza ko ibintu nk’ibi vyokwamaho

Inyuma y’aho aronkeye agashimwe k’umuntu azi gutwenza abantu wa mbere muri uyu mwaka w’2019, (Best Comedian 2019) ayihawe na Buja Music Award, Kabizi Boris ngo vyaramuryoheye cane ku buryo yipfuza ko vyokwamaho uko umwaka utashe.

Ubushimwe nk’ubwo, Kabizi Boris ngo abubonamwo ikintu kidasanzwe kuko butuma abafise impano zitandukanye barushirizaho gukora umwuga wabo gusumba uko bahora.

Kabizi arashimira cane Buja Music Award n’ayandi mashirahamwe bakoranye mu gutegura ivyo birori akanabasaba ko batogarukiriza ngaho ariko bongereze inguvu kugira ngo mu mwaka uza no mu yindi myaka izokurikira bizobe bishimishije gusumba uko vyabaye muri uno mwaka.

Eka arangiza ahamagararira n’ayandi mashirahamwe ari ngaha gufatira akarorero kuri Buja Music Award maze nayo nyene aze aratunganya ibintu nk’ivyo gutyo impano isinzi zinyegeje mu bantu zibone kwigaragaza, batere imbere bongere bateze imbere igihugu cabibarutse.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 740