homepageComediesintamba murugambakirundikirundi_SportsYvan muziki

Abatariyano nibo bazokwambika intamba mu rugamba

Intamba mu rugamba ngo zigiye guhindura imyambaro zahora zambara zibifashijwemwo n’Ubutariyano.

Mugatondo ko kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 13 Ndamukiza umwaka wa 2019, uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Honorable Reveriyano Ndikuriyo yashize ahabona ishirahamwe rigiye gukorana na FFB mu kwambika umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba mu nkino za CAN2019 zimirije ndetse n’abarorerezi.

Honorable Reveriano Ndikuriyo akaba yavuze y’uko iryo shirahamwe bagiye gukorana mu kwambika intamba mu rugamba ari ishirahamwe ry’abatarino ryitwa GARMAN.

Abicishike kurubuga rwa Facebook, yagize ati” Turiko turegereza urubanza rukomeye aho umurwi wacu INTAMBA MU RUGAMBA uzokwitabira inkino za nyuma z’igikombe ca Afrika zizobera muri Egiputa ( CAN, EGYPTE 2019), imirwi tuzoba turi kumwe mw’itsinda yaraye imenyekanye ( NIGERIA, GUINEE, MADAGASCAR).

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, ryagomba kumenyesha ko muri izo nkino eka mbere n’ inkino zigiye gukurikira rizokorana n’ishirahamwe ry’abatariyano ryitwa GARMAN mu kwambika umurwi nserukiragihugu hamwe n’ abakunzi b’umurwi nserukiragihugu INTAMBA MU RUGAMBA.

Imyambaro yemewe y’abakunzi b’intamba mu rugamba igera ku 10,000 niyo ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ritegekanya ku banywanyi b’intamba”.

Rikaba ari irya mbere umugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba uzoba witabiriye inkino za CAN zigiye kubera mu Misiri kuva Uburundi bwikukiye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 884